Ibigezweho kuri COVID-19: NSW yavanyeho ikizira c’amasaha mu gihe Ballarat iri muri Victoria itanguye guma mu rugo

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw’itariki 15 Nyakanga 2021.

 Marrickville, Sydney, Wednesday, September 15, 2021.

Members of the public wear face masks as they go about their daily lives in Marrickville, Sydney, Wednesday, September 15, 2021. Source: AAP Image/Bianca De March

  • Mu ntara ya NSW ibice 47.5 kw’ijana vy’abantu barengeje imyaka 16 baramaze kwicandagisha incaco zose zibiri.
  • Uhereye isaha zitandatu z’ijoro, guma mu rugo iravanwaho muri Shepparton
  • Umurwa mukuru ACT mu gushikira ibice 75 kw’ijana vy’abicandagishije urucano rwa mbere
  • Ntawanduye uno musi mu ntara ya Queensland.


New South Wales
Intara ya NSW yagize abashika 1,259 banduye umugera, na 12 bitavye Imana.

Uwuserukira iyo ntara Gladys Berejiklian akaba yamenyesheje yuko iyo ntara yashika ibice 80 kw’ijana vy’abamaze kw’icandagisha urucanco rwa mbere, mbere akaba yasavye abasanzwe baba mu gace k’uburengero bw’iyo ntara kutabusya bwose ngo bijajare.

Uhereye uno musi mw’ijoro, ingingo ijanye n’amasaha yo kuba uri hanze canke ,mu nzu irakurwaho mu duce ntwaro 12 twari twasinzikaye ‘’.

Hisunzwe urutonde reta yashizeho kugira, abantu bakingiwe bazova muri guma mu rugo mu gihe intara yose izoshikana ibice 70 kw’ijana vy’abantu bamaze kwicandagisha incanco zose zibiri.

Fyonda ngaha ‘ usabe umubonano wo gufata urucanco uno musi. 

Victoria
Victoria, handuye abashika 423 hamwe n’abandi babiri bitavye Imana.

Igisagara ca great Ballarat kiratangura guma mu rugo isaha zitandatu z’ijoro uno musi, mbere abasanzwe baba mur’ico gisagara bagahamagarirwa gukurikiza amabwirizwa asa n’abo muri Melbourne mu kiringo c’imisi indwi- kiretse yuko atabijanye n’amasaha haba ayo gutaha canke ayo kuba hanze azoba ashizweho.Guma mu rugo iravaho uno musi mw’ijoro inyuma y’imisi itatu ata muntu yanduye murako gace.

Nyinshi muri gari ya moshi zakorera hagati mu ntara ntizizokora nyuma yaho uwundi mukozi akora mur’ico gisata nawe atorewemo umugera,

Imiduga y’ama bus niyo izosubirira nyinshi muri serivisi V/Line uno musi.

Rondera ikigo wokwicandagishamo ki kwegereye .

Australian Capital Territory
Abashika 13 nibo banduye mu gihe umunani bidegemvya mu kibano kandi bafise uwo mugera.

Uwujejwe amagara y’abantu umushikiranganji Andrew barr yavuze yuko ibice 75 kw’ijana vy’abantu barengeje imyaka 12 bazoba baronse urucanco rwabo rwa mbere rwa COVID-19 uno musi.

Fyonda usabe umubonano wo kwicandagisha ngaha                                                                                                  

Amasaha 24 aheze muri Australia
  • Hisunzwe urwego rwa 3 rw’intambwe yo guhangana na COVID, urucanco ni ngombwa ku bakozi bashobora kwandura cane bivanye naho bakorera.
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:      

NSW  na 
VIC  na 
ACT  na 
NT na 
QLD  na 
SA  na 
TAS  na 
WA  na 

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha.  ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kugisengebumenyi .





Rondera ngaha ivyo gufasha kandi bisiguwe mu rurimi ukoresha vyashizweho ahabona n’igisata kijejwe serivisi z’itumatumanako mw’ishirahamwe NSW Multicultural Health

.



Ibibanza vyo gusuzumiramo muri buri ntara n’ibisagara:

 
 
 
 
 
 

 



Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza muri buri ntara n’igisagara:

 
 
 
 
 
 



Share
Published 15 September 2021 5:44pm
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends


Follow SBS Kirundi

Download our apps
SBS Audio
SBS On Demand

Listen to our podcasts
Independent news and stories connecting you to life in Australia and Kirundi-speaking Australians.
Ease into the English language and Australian culture. We make learning English convenient, fun and practical.
Get the latest with our exclusive in-language podcasts on your favourite podcast apps.

Watch on SBS
SBS World News

SBS World News

Take a global view with Australia's most comprehensive world news service